Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 3:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Irembo rija kw iriba risanwa na Shalumu mwene Koli‐hoze, umukuru aganza intāra y’i Misipa, araryubaka ararisakara, ariterakw inzugi zaryo, n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, yubaka n’uruzitiro rwo ku kidengeri Shela co ku ndimiro y’umwami, kurinda ashitsa ahagenda hadondagirwa hamanuka hava ku gisagara ca Dawidi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 3:15
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Dawidi aba mur’ iryo boma, aryita umurwa wa Dawidi. Yubaka impande zose, uhereye inyuma y’uruzitiro rw’i Milo ugashitsa imbere yaho.


Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ico gisagara, maz’ ingabo zose zihenga mw ijoro zirahunga, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri, cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuk’ umwami ajana inzira ica mu kiyaya Araba.


Kandi Hezekiya uwo agomera isōko yo haruguru y’amazi y’i Gihoni, akwega umūzi wayo, ayamanukana ku ruhande rw’igisagara ca Dawidi ruhera i burengerazuba. Nuko Hezekiya ivyo yakora vyose bimubera ko.


baca kw irembo rija kw iriba batumbera imbere yabo, badūgira ahadondagirwa haja mu gisagara ca Dawidi, ah’ uruzitiro rudūgira haruguru y’ingoro yar’ iya Dawidi, bashika kw irembo ry’amazi ryerekeye i burasirazuba.


Maze nkomeza inzira nshika kw irembo rija kw iriba, nshika no ku kidengeri c’umwami, ariko ntihaboneka inzira ifarasi nagenderako icamwo.


Maze ndababarira, nti Mbega ntimubona ayo twabonye, ingen’ i Yerusalemu hahindutse imisaka, n’amarembo yaho akaba yarahīye! Enda ni muze dusubire twubake uruzitiro rwaho, kugira ngo twoye kwama tur’ agatwengo.


Akurikirwa na Shalumu mwene Haloheshi, umukuru aganza ikindi gice c’i Yerusalemu nyene, na we arasana, bo n’abakobga biwe.


Iryo rembo ricishwamw’ umwavu ryasanwe na Malakiya mwene Rekabu, umukuru aganza intāra y’i Beti‐hakeremu; araryubaka, aterakw inzugi zaryo n’ ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.


Hakurikira umukuru w’i Misipa, ni we Ezeri mwene Yeshuwa, asana igihimba kirābana n’ahadondagirwa hadūga ku nzu y’ ibirwanishwa iri ku mfuruka y’ uruzitiro.


Bakurikirwa na Melatiya w’i Gibeya na Yadoni w’i Meronoti, hamwe n’ab’i Gibeya n’ab’i Misipa bo mu baganzwa n’icēgēra c’ umwami co hakuno y’uruzi.


Bakurikirwa na Refaya mwene Huri, umukuru aganza igice kimwe c’intāra y’i Yerusalemu;


nigomereye amazi ngw avomerwe ingemwe z’ibiti vyatewe;


at’ Ubu bgoko ko bganse amazi ya Shilowa atemba buhoro, bakanezerezwa na Rezini na mwene Remaliya,


Nuko Yeremiya aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa, yibanira na we hagati mu bandi bantu bari barasigaye mu gihugu.


Canke ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?


aramubarira, ati Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nukw aragenda ariyuhagira, agaruka abona.


Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.


(Kand’ Ababenyamini bari bumvise kw Abisirayeli badūze i Misipa.) Maz’ Abisirayeli barabaza, bati Tubarire ukw ico caha cakozwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ