Nehemiya 3:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)14 Iryo rembo ricishwamw’ umwavu ryasanwe na Malakiya mwene Rekabu, umukuru aganza intāra y’i Beti‐hakeremu; araryubaka, aterakw inzugi zaryo n’ ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Avuye aho, ahūra na Yehonadabu mwene Rekabu aje kumusanganira; aramuramutsa, aramubaza, ati Mbeg’ urafatanije nanje bivuye ku mutima, nk’uko nanje numva mfatanije nawe? Yehonadabu aramwishura, at’ Ego me turafatanije. Na we at’ Asangw’ ari ko biri, mpa ukuboko kwawe. Arakumuha, araheza aramwuriza, amushira mu mukogote wiwe.