Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 3:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Iryo rembo ricishwamw’ umwavu ryasanwe na Malakiya mwene Rekabu, umukuru aganza intāra y’i Beti‐hakeremu; araryubaka, aterakw inzugi zaryo n’ ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 3:14
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi mwene Sauli uwo yar’ afise abagabisha babiri b’ imice y’ingabo, umwe yitwa Bayana, uwundi Rekabu, bari bene Rimoni w’i Beroti, wo mu muryango wa Benyamini. (Kukw i Beroti hāharūrwa ku Babenyamini;


Avuye aho, ahūra na Yehonadabu mwene Rekabu aje kumusanganira; aramuramutsa, aramubaza, ati Mbeg’ urafatanije nanje bivuye ku mutima, nk’uko nanje numva mfatanije nawe? Yehonadabu aramwishura, at’ Ego me turafatanije. Na we at’ Asangw’ ari ko biri, mpa ukuboko kwawe. Arakumuha, araheza aramwuriza, amushira mu mukogote wiwe.


Shimeya wa Mikayeli, Mikayeli wa Bayaseya, Bayaseya wa Malukiya;


Maze nuriza abakuru b’Abayuda ngo baje hejuru ku ruzitiro, ndabagabanyamw’ imice ibiri minini ngo bagende barōngōye bahimbaza. Umuce umwe ugenda ku ruzitiro werekeye i buryo, kw irembo bacishamw’ umwavu.


Nukw iryo joro nca mw irembo rija ku mwonga, nkomeza inzira y’isōko y’ikiyoka, nshika no kw irembo bācishamw’ umwavu, ngenda nitegereza inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu ukuntu zāsenyutse, n’amarembo yaho ingene yahiye.


Bakurikirwa na Refaya mwene Huri, umukuru aganza igice kimwe c’intāra y’i Yerusalemu;


Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ