Nehemiya 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Bukeye Eliyashibu, umuherezi mukuru, hamwe na bagenzi biwe b’abaherezi, bashirako bubaka irembo ry’intama; bararihezagira, bashiraho n’inzugi zaryo; bakomeza kwubaka barinda bashitsa ku munara wa Hameya, na wo barawuhezagira; bavudukaho bashitsa no ku munara wa Hananeli. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Igihugu cose kizohinduka ikiyaya, uhereye i Geba ugashitsa i Rimoni ahahera i bumanuko bg’ i Yerusalemu: kandi Yerusalemu hazoshirwa hejuru habe aho hāhoze, uhereye kw irembo ry’igisagara ryitwa irya Benyamini, ugashitsa ah’ irembo rya mbere ryāhoze, ugashitsa no kw irembo ryo ku nkokora, kand’ uhereye ku munara w’amabuye wa Hananeli ugashitsa ku māto yimbge hasi baganiramwo vino z’i bgami.