9 Maze ngenda njanye n’abagabisha b’ingabo bo n’abagendera ku mafarasi umwami yampaye, nshikīra ivyēgēra vyiwe vyo hakurya y’uruzi, mbahēreza ivyete umwami yandungikanye.
Kuko vyanteye isoni gusaba umwami umuce w’ingabo n’abagendera ku mafarasi, ngo baze badutabare kwivuna abansi bodutegera mu nzira; kuko twari twabgiye umwami, tut’ Ikiganza c’Imana yacu kiri ku bayitwaririka bose, ngw ibagirire neza; arik’ ububasha bgayo n’uburake birwanya abayireka bose.
Ndaheza ndamubarira, nti Ni wabishima ga mugenzi, mpabge ivyete nshīra ivyēgēra vyawe vyo hakurya y’ uruzi, kugira ngo bemere kumpa inzira nshike i Buyuda,