Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kand’ umwami yar’ avyagiye ngaho ari kumwe n’umwamikazi wiwe; nukw arambaza, at’ Urugendo rwawe ruzoba urw’ imisi ingahe kand’ uzogaruka ryari? Nuk’ umwami yemera kundekura, nanje nca ndamubgira igihe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 2:6
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bgirukiro, ndakwinginze, tega ugutwi wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe, wumve n’ugusenga kw’ abasavyi bawe bakunda kwubaha izina ryawe, untabare jewe umusavyi wawe, umpe kugira amahirwe uyu musi, no guhangazwa n’uwo muntu nsavye. Kuko nari nsanzwe nd’ umukevyi mpereza umwami igiturire.


Ariko mur’ ico gihe cose sinar’ i Yerusalemu, kuko nari nagiye i bgami mu mwaka ugira mirongwitatu na kabiri Aritazeruzi umwami w’i Babuloni ari ku ngoma. Mpamaze imisi, nsaba umwami ngw andekure ngende.


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


Maze nishura umwami, nti Ni wabishima ga mugenzi, nkagira ubutoni imbere yawe, ico ngusaba n’ukugira ng’ undungike i Buyuda, mu gisagara kirimw’ imva za ba sogokuruza, nsubire ndacubake.


Kand’ uhereye umusi umwami Aritazeruzi yangize icēgēra ciwe mu gihugu c’i Buyuda, kuva ku mwaka ugira mirongwibiri kugeza ku mwaka ugira mirongwitatu n’ibiri ari ku ngoma, ukw ar’ imyaka cumi n’ibiri, ari jewe ari bene wacu, nta ho twigeze dutungwa n’amarari yagerewe icēgēra c’umwami.


Kand’ ahār’ imisaka kera hazosubira kwubakwa; bazokwubaka ku matanguriro yariho mu bindi bihe; kand’ uzokwitwa Uwica ibirengero, n’Ūsibūra inzira zija mu ngo.


Nuko bazokwubaka ahār’ imisaka kera, bahagarike ahāsanganguwe ubga mbere, kandi bazosubira kuvyura ibisagara vyāsenyutse, ivyāmaze ibihe vyinshi ar’ imisaka.


Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.


Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ