Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maze nishura umwami, nti Ni wabishima ga mugenzi, nkagira ubutoni imbere yawe, ico ngusaba n’ukugira ng’ undungike i Buyuda, mu gisagara kirimw’ imva za ba sogokuruza, nsubire ndacubake.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 2:5
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yowabu akubita inkoro hasi, yunamira umwami, aramuhezagira; aravuga, ati Jewe umusavyi wawe uyu musi mmenye ko ngutonnyeko, mwami wanje nyen’ ingoma, kuk’ ukoze ico nagusavye.


None rero nyaguhora ku ngoma, ni wabishima, barondere mu nzu y’ububīko bgawe aho nyene i Babuloni, barābe yuk’ umwami Kuro yoba yarashinze ibgirizwa koko ryo kwubaka iyo nzu y’Imana i Yerusalemu; uheze mugenzi, udutumeko utumenyeshe ic’ ugomba mur’ ivyo.


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


Kand’ umwami yar’ avyagiye ngaho ari kumwe n’umwamikazi wiwe; nukw arambaza, at’ Urugendo rwawe ruzoba urw’ imisi ingahe kand’ uzogaruka ryari? Nuk’ umwami yemera kundekura, nanje nca ndamubgira igihe.


Umwami avyemeye, hoshingwa ibgirizwa ry’umwami, maze rikandikwa mu vyagezwe vy’Abaperesi n’Abamedi, rikoya guhinduka, yuko Vashiti atazokwongera guseruka imbere y’umwami Ahasuwerusi; kandi n’icubahiro ciwe c’ubgamikazi agihe uwundi amurusha kwubaha.


namba ngize ubutoni imbere yawe, mwami, ukemera kumpa ico nsaba, no gushitsa ico ndondera, mwokwongera kuza, mwe na Hamani, ku giturire nzobītegurira; kand’ ejo ico uvuze nzogikora, mwami.


Maz’ umwamikazi Esiteri aramwishura, ati Namba ngize ubutoni imbere yawe, mugenzi, ukavyemera, mwami, nsabiye agatwe kanje, nsabiye n’ubgoko bgacu;


aravuga, ati Mwami, ni wavyemera, kandi namba ngize ubutoni imbere yawe, ukabona kw ar’ ibibereye, kandi nanje nkaguhimbara, hokwandikwa ivyete vyo gukūra bimwe vy’inama mbi Hamani mwene Hamedata Umwagagi yandikishirije guhonnya Abayuda bari mu bihugu vyawe vyose, mwami.


Ni ho uzobona gushimwa, bo n’ubgenge bushitse, Mu maso y’Imana n’abantu.


Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko musa n’imva zihomeshejwe ingwa, ziboneka inyuma zīkuyengeje, arikw imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ibihumanya vyose.


Aramwishura, ati Ni ngirirwe akagongwe imbere yawe, mugenzi, kuk’ ummaze umubabaro, ukabarira incoreke yawe neza, naho ntahwanye n’umwe wo mu ncoreke zawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ