Maze mu kwezi kwa gatanu, ku musi wakwo ugira indwi, mur’ uwo mwaka ugira icumi n’icenda umwami Nebukadineza, umwami w’i Babuloni, ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi, umuntu w’umwami w’i Babuloni, ashika i Yerusalemu.
Aho yatangura kwima, yar’ amaze imyaka mirongwitatu n’ ibiri, araheza amara imyaka munani i Yerusalemu ari ku ngoma; atāmbūra ata wukimugomba. Bamuhamba ku murwa wa Dawidi, ariko si mu mva z’abandi bami.
Maze mu kwezi kwa gatanu, ku musi wakwo ugira icumi, mur’ uwo mwaka ugira icumi n’icenda umwami Nebukadineza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi, yahora ahagarara imbere y’umwami w’i Babuloni, yinjira i Yerusalemu.
Amarembo yaho anyikiye mu kuzimu; ibihindizo vyaho yaravyononye, arabivunagura: Umwami waho n’abaganwa baho bari mu mahanga; nta vyagezwe bikiriho: Mber’ abavugishwa n’Uhoraho ntibakigira ivyo beretswe na we.
Maz’ umugabekazi, yumvise amajambo y’umwami n’abaganwa biwe, yinjira mu nzu y’amazimano, aravuga, ati Mugenzi nyaguhoraho, nta co uhagarika umutima, ngo mu nyonga hawe hahindurire: