Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 2:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Nanje ndabishura, nt’ Imana yo mw ijuru ni yo izotuma bikunda, ni co gituma twebge abasavyi bayo dushirako tukubaka; ariko mweho nta mugabane, nta bubasha, nta n’icibutso mufise i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 2:20
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ashira umutima ku kurondera Imana mu gihe cose ca Zekariya, umuntu yamwigishije kwubaha Imana; kand’ uko yakomeje kurondera Uhoraho, Imana yamuhaye umugisha.


Ariko Zerubabeli na Yosuwa n’abandi bakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abisirayeli barabishura, bati Nta ho duhuriye namwe, vyotuma dufatanya kwubaka ingoro y’Imana yacu, ariko ni twebge twenyene tuzokwubakira Uhoraho Imana y’Abisirayeli iyo ngoro, nk’uko Kuro umwami w’i Buperesi yabitugeze.


Nuko mmaze kwumva izo nkuru nca nicara ngaho ndarira, mmara imisi mbabaye nisonzesha, nsengera imbere y’Imana Nyen’ ijuru.


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


at’ Ereg’ abamenyekana b’umwami bose, n’abantu bo mu bihugu vy’umwami, barazi yuk’ umuntu wese, ar’ umugabo cank’ umugore, yosanga umwami mu karusha, adahamagawe, har’ icagezwe kimwe gusa kuri ben’ uwo, n’ukwicwa; shit’ umuntu umwami atunze inkoni y’izahabu y’ubugabe bgiwe: bibaye birtyo, uwo ni we akira. Ariko jeho mmaze imisi mirongwitatu ntararengukishwa n’umwami.


Ashize umutima ku gusenga kw’abatagira shinge na rugero, Ntiyakēngereye ugusenga kwabo.


Ni musabire Yerusalemu amahoro; Abagukunda batōtahare.


Tuzovugishwa impundu n’ agakiza kawe, Kandi kubg’ izina ry’Imana yacu tuzokwerekana amabendera yacu. Uhoraho ashitse ivy’ usaba vyose.


Abanezererwa urubanza rwanje ruroranye bavugishwe impundu n’umunezero, Mbere ni bavuge urudaca, bat’ Uhoraho ahimbazwe, Akunda k’umusavyi wiwe aba amahoro.


Ugirire neza i Siyoni, nk’uko haguhimbara; Wubake inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu.


Aroni, uko yinjiye Ahēra, aze yame yambara ku mutima amazina y’ abana ba Isirayeli ari kur’ uwo mupfuko wo ku gikiriza wo kwahukanya imanza, kugira ngw ayo mazina abe icibutso co gutuma bibukwa ubudasība imbere yanje, jewe Uhoraho.


Ivyiza n’uko bimwe ubifata, ibindi na vyo ntubikūrek’ ukuboko: kuk’ uwubaha Imana azokwikiza mur’ ivyo vyose.


ati Nzozishirira icibutso mu ngoro yanje no mu rugo rwanje, ndazihe n’izina riruta kugira abahungu n’abakobga; nzoziha izina ritazoshira, ritazokūrwaho.


Aheze ayizanire bene Aroni abaherezi; akamate urushi rumwe kur’ iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Ku kirundo kimwe ugerekekw imibavu itunganye, ku kindi kuno, ibe icibutso kur’ iyo mitsima, ishikanwa nshikaniwe ryo gutōngōrwa n’umuriro.


Kand’ ivyo bitsibo bizobera Helemu na Tobiya na Yedaya na Heni mwene Zefaniya icibutso mu rusengero rw’Uhoraho.


No mu gihe c’umunezero wanyu, no mu misi mikuru yanyu yashinzwe, no ku musi ukwezi kubonetse, izo nzumbete muze muzivugirize hejuru y’ibimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku bimazi vyanyu vy’amashikanwa y’ishimwe; zizobabera icibutso imbere yanje: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.


Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ