Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 2:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Maze ndababarira, nti Mbega ntimubona ayo twabonye, ingen’ i Yerusalemu hahindutse imisaka, n’amarembo yaho akaba yarahīye! Enda ni muze dusubire twubake uruzitiro rwaho, kugira ngo twoye kwama tur’ agatwengo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 2:17
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko na none tur’ abagurano; arikw Imana yacu ntiyaduhebeye mu bugurano bgacu, arikw itugirira ikigongwe, yerekana imbabazi kuri twebge imbere y’abami b’i Buperesi, iraduhēmbūra, kugira ngo dusubire twubake ingoro y’Imana yacu, kandi ngo dusane ahasenyutse hayo, ngw iduhe n’uruzitiro rudukikije i Buyuda n’i Yerusalemu.


Barambgira, bat’ Abāri barasigaye mur’ ico gihugu batājanywe ar’ inyagano bari n’amarushwa menshi n’ibitētērwa, kand’ inzitiro z’ amabuye z’i Yerusalemu zarasenyutse, n’amarembo yaho yarahiye.


Nukw iryo joro nca mw irembo rija ku mwonga, nkomeza inzira y’isōko y’ikiyoka, nshika no kw irembo bācishamw’ umwavu, ngenda nitegereza inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu ukuntu zāsenyutse, n’amarembo yaho ingene yahiye.


Arikw abakuru ntibari bazi iyo nagiye cank’ ico nakoze, kandi nta co naribgabarire Abayuda, ar’ abaherezi cank’ abanyacubahiro cank’ abakuru cank’ abandi bose bazokorana nanje ico gikorwa.


Irembo rija kw iriba risanwa na Shalumu mwene Koli‐hoze, umukuru aganza intāra y’i Misipa, araryubaka ararisakara, ariterakw inzugi zaryo, n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, yubaka n’uruzitiro rwo ku kidengeri Shela co ku ndimiro y’umwami, kurinda ashitsa ahagenda hadondagirwa hamanuka hava ku gisagara ca Dawidi.


Bizotuma amahanga yubaha izina ryawe, Uhoraho, N’abami bose bo mw isi bakubaha icubahiro cawe:


Uduhindura ruvumwa ku babanyi bacu, Agatwengo no gucokorwa ku badukikije.


Watugize iciro ry’imigani mu mahanga, Abo kuzungurizwa imitwe n’ amoko.


Kand’ ababanyi bacu, ibitutsi bāgututse Mwami Ubibasubirize mu nkōko ibihetangabo ndwi.


Duhindutse ruvumwa ku babanyi bacu, Agatwengo n’agacokoro ku badukikije.


mbere nzobatanga batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo mbagirire nabi; bazoba igitutsi n’iciro ry’imigani n’agatwengo n’ ibivume, ahantu hose aho nzobirukanira.


Umwami Imana asanganguye amazu yose ya Yakobo ata kagongwe; Yahenuranye uburake ibihome vy’umukobga w’i Buyuda; Arabitsinda gushitsa hasi: Abami n’abaganwa babo yabahinduye ibihumane.


Amaso yanje aransābije kubgo kuririra abakobga bose bo mu gisagara cacu.


Kand’ ikindi nzoguhindura umusaka n’igitutsi mu mahanga agukikije, no mu maso y’abahita bose.


Umusi wo gusubira kwubaka inzitiro zawe uraje! Kur’ uwo musi urugabano rwawe ruzokwigizwayo, rushirwe kure.


Nahashi umwami w’Abamoni arabishura, ati Mu ko nemera kuribaha, mwese mbanza kubanogora amaso y’i buryo, mbe nsīze Abisirayeli bose iceyi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ