15 Nukw iryo joro nyene nsubira kudūgana akagezi, nkomeza kugenda nitegereza inzitiro, ndaheza ndakevya nsubira guca muri rya rembo rija ku mwonga; nuko ndataha.
Igihugu cose kirarira kiraboroga abantu bose bakiriko barajabuka; umwami na we aca arajabuka uwo mugezi Kidironi. Nukw abantu bose ni kwo kujabuka; bagenda batumbereye inzira ija mu bugaragwa.
Kandi Uziya yubaka iminara i Yerusalemu kw irembo ryo ku mfuruka y’uruzitiro rwaho rw’ amabuye, no kw irembo rija ku mwonga, no ku yindi mfuruka y’ uruzitiro nyene; iyo minara arayigumya.
Arikw abakuru ntibari bazi iyo nagiye cank’ ico nakoze, kandi nta co naribgabarire Abayuda, ar’ abaherezi cank’ abanyacubahiro cank’ abakuru cank’ abandi bose bazokorana nanje ico gikorwa.
Irembo rija ku mwonga ryasanwe na Hanuni bo n’abantu b’i Zanowa; bararyubaka, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, basana uruzitiro rw’amatambge igihumbi y’ukuboko uciriye mu nkokora, bageza kw irembo ricishwamw’ umwavu.
Yesu avuze ivyo, avanayo n’abigishwa biwe afata hakurya y’umugezi witwa Kidironi; aho hār’ itongo: ashikaho, bo n’abigishwa biwe.