Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Maze nkomeza inzira nshika kw irembo rija kw iriba, nshika no ku kidengeri c’umwami, ariko ntihaboneka inzira ifarasi nagenderako icamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 2:14
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Tarutani na Rabusarisi na Rabushake, bava i Lakishi bajanye ingabo nyinshi, ngo baje ku mwami Hezekiya i Yerusalemu. Nuko baradūga baja i Yerusalemu nyene. Bashitseyo bahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi.


Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Hezekiya, n’ivy’ ubuhizi bgiwe bgose, n’ingene yimvye ikidengeri, agaca umugende wo kuzana amazi mu gisagara, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?


Kandi Hezekiya uwo agomera isōko yo haruguru y’amazi y’i Gihoni, akwega umūzi wayo, ayamanukana ku ruhande rw’igisagara ca Dawidi ruhera i burengerazuba. Nuko Hezekiya ivyo yakora vyose bimubera ko.


baca kw irembo rija kw iriba batumbera imbere yabo, badūgira ahadondagirwa haja mu gisagara ca Dawidi, ah’ uruzitiro rudūgira haruguru y’ingoro yar’ iya Dawidi, bashika kw irembo ry’amazi ryerekeye i burasirazuba.


Irembo rija kw iriba risanwa na Shalumu mwene Koli‐hoze, umukuru aganza intāra y’i Misipa, araryubaka ararisakara, ariterakw inzugi zaryo, n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, yubaka n’uruzitiro rwo ku kidengeri Shela co ku ndimiro y’umwami, kurinda ashitsa ahagenda hadondagirwa hamanuka hava ku gisagara ca Dawidi.


Hakurikira Nehemiya mwene Azibuki, umukuru aganza igice c’intāra y’i Beti‐suri, agenda arasana ashitsa aharābana n’imva za Dawidi, no ku kidengeri cāgomewe, arinda ashitsa no ku nzu y’abahizi.


nigomereye amazi ngw avomerwe ingemwe z’ibiti vyatewe;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ