Nehemiya 13:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 Maze nshitse i Yerusalemu mbona ikibi Eliyashibu yakoze, ko yahaye Tobiya icumba mu nyubakwa yo ku ngoro y’Imana. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nukw ivyo vyose birangiye, abakuru baraza barambarira, bat’ Abisirayeli n’abaherezi n’ Abalewi ntibitandukanije n’abantu bo mur’ ibi bihugu, ariko bakora ivy’ ubuyobe, ivy’ Abanyakanani n’ivy’ Abaheti n’ivy’ Abaferizi n’ivy’ Abayebusi n’ivy’ Abamoni n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abanyegiputa n’ivy’ Abamori;
yateguriye Tobiya nyene icumba kinini, aho bāhora babīka amashikanwa y’amafu n’imibavu, bakahabīka n’ibintu vy’imbombovu, kandi hābīkwa n’ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, ari vyo ivyagezwe vyashinze ko bihabga Abalewi n’abaririmvyi n’abashibamyi, hamwe n’amashikanwa azunguzwa yahabga abaherezi.