Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 13:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 yateguriye Tobiya nyene icumba kinini, aho bāhora babīka amashikanwa y’amafu n’imibavu, bakahabīka n’ibintu vy’imbombovu, kandi hābīkwa n’ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, ari vyo ivyagezwe vyashinze ko bihabga Abalewi n’abaririmvyi n’abashibamyi, hamwe n’amashikanwa azunguzwa yahabga abaherezi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 13:5
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Hezekiya araheza ababarira ko batunganya ivyumba vyo mu ngoro y’Uhoraho; nuko barabitunganya;


bayaha ababāji n’ abubatsi kugira ngo bagure amabuye abājwe n’ibiti vy’imyaro n’ ivy’ ibishoro vyo gusanura inyubako abami b’i Buyuda bononye.


kandi tuzozana abahungu bacu b’imfura n’ uburiza bg’ivyo dutunze, ubg’ inka zacu n’ubg’ intama zacu, tubizane mu ngoro y’Imana yacu nk’uko vyanditswe mu vyagezwe, tubishikirize abaherezi bakora mu ngoro y’Imana yacu.


Tuzohora tuzana ifu yacu y’umushuzo isewe iheretuwe, n’amashikanwa yacu azunguzwa, n’umushuzo w’ ivyama ku biti vy’ubgoko bgose, n’uwa vino n’amavuta, tubishikirize abaherezi, babishingure mu vyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu; n’Abalewi tuzobashikiriza ikigiracumi c’ivyeze vyo mu mirima yacu, kukw Abalewi ari bo bākīra ibigiracumi mu bisagara vyacu vyose aho dufise imirima.


Kand’ umuherezi wo mu ba Aroni azohora ajana n’Abalewi bagiye kwākīra ibigiracumi vyabo; Abalewi na bo bazokūramw’ ikigiracumi co mur’ ivyo bigiracumi nyene, babizane mu ngoro y’ Imana yacu, babishingure mu vyumba vy’ububīko.


Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,


Maze nshitse i Yerusalemu mbona ikibi Eliyashibu yakoze, ko yahaye Tobiya icumba mu nyubakwa yo ku ngoro y’Imana.


Kandi hār’ akumba gafise umuryango urābana n’ibishimaryango vy’ico kirimba; aho ni ho bāronga ibimazi vyo kwoswa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ