Nehemiya 13:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)5 yateguriye Tobiya nyene icumba kinini, aho bāhora babīka amashikanwa y’amafu n’imibavu, bakahabīka n’ibintu vy’imbombovu, kandi hābīkwa n’ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, ari vyo ivyagezwe vyashinze ko bihabga Abalewi n’abaririmvyi n’abashibamyi, hamwe n’amashikanwa azunguzwa yahabga abaherezi. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Tuzohora tuzana ifu yacu y’umushuzo isewe iheretuwe, n’amashikanwa yacu azunguzwa, n’umushuzo w’ ivyama ku biti vy’ubgoko bgose, n’uwa vino n’amavuta, tubishikirize abaherezi, babishingure mu vyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu; n’Abalewi tuzobashikiriza ikigiracumi c’ivyeze vyo mu mirima yacu, kukw Abalewi ari bo bākīra ibigiracumi mu bisagara vyacu vyose aho dufise imirima.
Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,