Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 13:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Arikw ivyo bitarabaho, Eliyashibu umuherezi, ari we yajejwe ivyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu, kandi yar’ incuti ya Tobiya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 13:4
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosuwa yavyaye Yoyakimu, Yoyakimu avyara Eliyashibu, Eliyashibu avyara Yoyada,


Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,


Kand’ umwe wo mu bahungu ba Yoyada mwene Eliyashibu, umuherezi mukuru, yar’ umukwe wa Sanibalati w’Umuhoroni; nca ndamwirukana amva i ruhande.


Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.


Bukeye Eliyashibu, umuherezi mukuru, hamwe na bagenzi biwe b’abaherezi, bashirako bubaka irembo ry’intama; bararihezagira, bashiraho n’inzugi zaryo; bakomeza kwubaka barinda bashitsa ku munara wa Hameya, na wo barawuhezagira; bavudukaho bashitsa no ku munara wa Hananeli.


Bukeye babgira Sanibalati na Tobiya na Geshemu Umwarabo n’abandi bansi bacu, yuko nujuje uruzitiro kandi kw ata kirengero kigisigaye, naho ntaribgatere inzugi ku marembo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ