31 kandi natunganije n’ivyo kuzana amashikanwa y’inkwi mu bihe vyashinzwe, bo n’ay’ imishuzo. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.
Kandi twebge abaherezi n’Abalewi n’ abantu dupfinze ubupfindo ngo tumenye ukw amashikanwa y’ inkwi azohora azanwa mu ngoro y’Imana yacu, ukw amazu ya ba sogokuruza akurikirana ku mbu zacu; uk’ umwaka utashe izo nkwi n’izo gukoma icoto ku gicaniro c’Uhoraho Imana yacu, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe.
Kand’ uk’ umwaka utashe tuzozana mu ngoro y’Uhoraho ivy’ imishuzo yo mu mirima yacu, n’ivy’ imishuzo y’ivyama vyose vyo ku biti vy’amoko yose,
Kand’ umuherezi wo mu ba Aroni azohora ajana n’Abalewi bagiye kwākīra ibigiracumi vyabo; Abalewi na bo bazokūramw’ ikigiracumi co mur’ ivyo bigiracumi nyene, babizane mu ngoro y’ Imana yacu, babishingure mu vyumba vy’ububīko.
Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ibi uz’ ubinzirikaneko, ntuz’ uhanagure ibikorwa vy’ urukundo nakoreye ingoro yawe, Mana yanje, n’ivyo nakoze vyo gufasha ibihakorerwa.
Ndaheza mbgira Abalewi ngo biyeze, babone kuza gushibama ku marembo, kugira ngo batume umusi w’isabato uziririzwa. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, n’ibi na vyo uz’ ubinzirikaneko, umpangaze nk’ukw imbabazi zawe nyinshi zingana.
Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ivyo nagiriye aba bantu uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.
Uhoraho, nyibukana imbabazi ugirira abantu bawe; Ungenderanire agakiza kawe:
Ntiwibuke ivyaha vyo mu busore bganje, cank’ ibicumuro vyanje, Nk’ukw imbabazi zawe ziri, abe ari k’unyibuka, Kubgo kugira neza kwawe, Uhoraho.
Kand’ aravuga, at’ Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe.