30 Uko ni ko nabahumanuye, nkabakūramw’ ikintu cose c’ikinyamahanga, ngashingira abaherezi n’Abalewi imbu zabo, umuntu wese ku gikorwa ciwe;
Ariko tweho, Uhoraho ni we Mana yacu, kandi ntitwamuvuyeko; kand’ abaherezi b’ Uhoraho dufise n’abo kuri Aroni, n’Abalewi baracari ku mabango yabo.
Bati Kand’ abakobga bacu ntituzobashingira abanyamahanga bo mur’ iki gihugu, n’abahungu bacu ntituzobasabira abageni mu bakobga babo.
Nukw abaherezi n’Abalewi bariyeza, maze beza abantu n’amarembo n’uruzitiro.