Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nukw Abisirayeli bamaze kwumva ivyo vyagezwe, baca bītandukanya n’ ikivange c’abanyamahanga bose bāri muri bo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 13:3
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None ni mwaturire Uhoraho Imana ya ba sogokuruza ivyo, mukore ivy’ igomba, mwitandukanye n’amahanga yo mu bihugu n’abagore b’abanyamahangakazi.


kuk’ ubgabo bābiriye abageni bo muri bo, bakabashingira n’abahungu babo, bigatuma uruvyaro rwera rusukirana n’urw’ abantu bo mur’ ibi bihugu; mber’ abakuru n’abashingantahe ni bo babaye aba mbere mur’ ico gicumuro.


Kandi n’abandi bantu bose, abaherezi n’Abalewi n’abashibamyi n’abaririmvyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abandi bose bamaze kwitandukanya n’amahanga yo mu bihugu, kugira ngo bitondere ivyagezwe vy’Imana, hamwe n’abagore babo n’abahungu babo n’abakobga babo, umuntu wese aciye ubgenge ashobora kubitahura;


Ab’ uruvyaro rwa Isirayeli bītandukanya n’abanyamahanga bose, barahagarara bātura ivyaha vyabo n’ibicumuro vya ba sekuruza.


Nabītse ijambo ryawe mu mutima wanje Ngo noye kugucumurako.


Umusore azokwezesha inzira yiwe iki? Azoyezesha kuyitondera nk’ ukw ijambo ryawe rivuga.


Kandi n’igugu ry’ikivange c’abanyamahanga rijana na bo, n’imikuku n’amasho vy’ibitayega.


Kukw icagezwe ar’ itara, kand’ amabgirizwa ar’ umuco; Kand’ uguhana kw’ukwigisha ar’inzira y’ubugingo:


Abanyamahanga b’ikivange bari muri bo batangura kwifuza inyama; Abisirayeli na bo bongera kurira, bati Ni nde yoduha inyama zo kurya?


kukw imbere yayo ata muntu azotsindanishirizwa n’ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe, kukw ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ