24 kandi ko benshi bo mu bana babo bavuga ikinyashidodi cank’ urundi rurimi rw’ayandi mahanga gusa, ntibashobore kuvuga ikiyuda.
Kukw ico gihe nzohindura amoko bagire ururimi rutunganye, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe Uhoraho, bankorere bahuje inama.
Nuko mur’ ico gihe mbona Abayuda bābiriye abagore bo mu Banyashidodi no mu Bamoni no mu Banyamowabu,
Maze ndabahambarira ndabavuma, mbere bamwe ndanabakubita, mbashikura umushatsi, ndaheza mbarahiza Imana, nti Ntimuze mutirimuke ngo musubire gushingira abakobga banyu abahungu babo, canke ngo musabire abahungu banyu abakobga babo, kandi namwe ntimukabābīrire.