23 Nuko mur’ ico gihe mbona Abayuda bābiriye abagore bo mu Banyashidodi no mu Bamoni no mu Banyamowabu,
Kand’ umwami Salomo yagomwa abanyamahangakazi benshi, udashizemw’ umukobga wa Farawo yar’ asanganywe, ni bo Banyamowabukazi n’Abamonikazi n’Abanyedomukazi n’Abasidonikazi n’Abahetikazi,
Maze Ezira umuherezi arahaguruka, arababarira, ati Mwaracumuye, mwābīra abagore b’abanyamahangakazi, mwongerereza Abisirayeli icaha.
Abo bose bāri bābiriye abagore b’abanyamahangakazi, mbere bamwe muri bo bāri bamaze kuvyarana abana.
Bati Kand’ abakobga bacu ntituzobashingira abanyamahanga bo mur’ iki gihugu, n’abahungu bacu ntituzobasabira abageni mu bakobga babo.
Kand’ abanyamahanga bo mur’ iki gihugu ni bagira ivyo bashora kw isabato, ar’ ibintu bashoye, ar’ ivyo kurya, ntituzogira ico tugura kw isabato canke ku wundi musi wose wejejwe. Kandi ku mwaka ugira indwi wose, tuzorāza indimiro zose, duheberanire n’imyenda yose.
Kur’ uwo musi abantu basomerwa igitabo ca Mose, basanga nta Mwamoni cank’ Umunyamowabu yemererwa gushika mw ikoraniro ry’Imana gushitsa ibihe vyose,
kandi ko benshi bo mu bana babo bavuga ikinyashidodi cank’ urundi rurimi rw’ayandi mahanga gusa, ntibashobore kuvuga ikiyuda.
Mbega namwe tubemerere gukora icaha kingana girtyo ngo mwābīre abagore b’abanyamahangakazi, mucumure ku Mana yacu?
Bukeye Sanibalati na Tobiya n’Abarabo n’Abamoni n’Abanyashidodi bumvise yukw igikorwa co gusana uruzitiro rw’i Yerusalemu kija imbere, kandi yukw ibihengeri bitanguye kuzibirwa, bararaka cane,
Uz’ uhore witondera ivyo nkugera uyu musi: rāba, nzokwirukana Abamori, n’Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi, babave imbere.
Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’ umuco n’umwiza bifatanya bite?
Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubashikana mu gihugu mugiye kwegukira, agasohora amahanga menshi ngw ababise, Abaheti n’Abagirugashi n’Abamori n’Abanyakanani n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi, amahanga ndwi abarusha ubginshi n’inkomezi;
Bābīra Abanyamowabukazi; umwe yitwa Orupa, uwundi yitwa Rusi: bamaray’ imyaka nk’ icumi.
Abafilisitiya bafashe mpiri isandugu y’Imana, bayikūra i Ebenezeri bayijana i Ashidodi.