Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 13:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ndaheza mbgira Abalewi ngo biyeze, babone kuza gushibama ku marembo, kugira ngo batume umusi w’isabato uziririzwa. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, n’ibi na vyo uz’ ubinzirikaneko, umpangaze nk’ukw imbabazi zawe nyinshi zingana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 13:22
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.


Maz’ umwami abarira Hilukiya umuherezi mukuru, n’abaherezi b’urugero rwa kabiri, n’abarinzi b’imiryango, gusohora mu rusengero rw’Uhoraho ibintu vyose vy’imbombovu vyakorewe Bayali n’ivya Ashera n’ivy’ ingabo zose zo kw ijuru ari zo nyenyeri; abituririza inyuma y’i Yerusalemu, mu mirima yo kuri Kidironi, umunyota wavyo avuga ko bawujana i Beteli.


Abaherezi barayakerera, batanga amaraso yayo ku gicaniro kw ikimazi gitangirwa ivyaha, ngo bahongerere Abayuda bose; kuk’ umwami yavuze kw ikimazi co kwoswa n’ikimazi co gutangirwa ivyaha bitangirwa Abayuda bose.


Maze Hezekiya avuga kw ikimazi co kwoswa bacosereza ku gicaniro. Nukw ico kimazi bagitanguye kucosa, abaririmba indirimbo y’Uhoraho na bo bashirako, bo n’abavuza inzumbete n’ibindi vyo kuvuza vyashinzwe na Dawidi umwami w’Abisirayeli.


Kand’ umwami Hezekiya n’abaganwa babarira Abalewi kuririmbira Uhoraho ishimwe mu ndirimbo za Dawidi n’iza Asafu kamenyi; nuko baririmba ishimwe banezerewe, bunamika amaso, barasenga.


Yosuwa yavyaye Yoyakimu, Yoyakimu avyara Eliyashibu, Eliyashibu avyara Yoyada,


Nukw abaherezi n’Abalewi bariyeza, maze beza abantu n’amarembo n’uruzitiro.


Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ibi uz’ ubinzirikaneko, ntuz’ uhanagure ibikorwa vy’ urukundo nakoreye ingoro yawe, Mana yanje, n’ivyo nakoze vyo gufasha ibihakorerwa.


kandi natunganije n’ivyo kuzana amashikanwa y’inkwi mu bihe vyashinzwe, bo n’ay’ imishuzo. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.


Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ivyo nagiriye aba bantu uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.


Yemwe Bisirayeli, ni mwizigire Uhoraho, Kukw imbabazi zibonerwa k’Uhoraho, Kandi kuri we ni ho habonerwa gucungurwa kwinshi.


Ariko jeho, ubginshi bg’imbabazi zawe buzonyinjiza mu ngoro yawe, Nzokwikubita hasi nsenge nkwubashe, nerekeye urusengero rwawe rwera.


Ngirira ikigongwe Mana, kubg’ imbabazi zawe: Kubg’ isinzi ry’imbabazi zawe usibanganye ibicumuro vyanje.


ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.


Kand’ abami bazokubera ba se babakurerera, n’abamikazi babo bazokubera ba nyina babakwonkereza; bazokwikubita imbere bubamye hasi, barigate umukungugu wo ku birenge vyawe; nawe uzomenya ko nd’ Uhoraho, kand’ abanyiteze ntibazomāramāra.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Uze witondere umusi w’isabato, kugira ng’ uwuziririze, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ