2 kuko batāsanganije Abisirayeli umutsima n’amazi, kandi kuko bāhēreye Balamu ngw abavume; mugabo, Imana yacu yahinduye uwo muvumo ucika umugisha.
Ni bapfe kuvuma, ariko weho umpezagire; Ni bava hasi bazomāramāra, arik’ umusavyi wawe azonezerwa.
Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho.
Atangura kuvugishwa, ati Haguruka, Balaki, wumve, Ntegera ugutwi, ewe mwene Sipori.
Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.
Ntihaze hagire Umwamoni cank’ Umunyamowabu agera mw ikoraniro ry’Uhoraho; haba n’ uwo mu runganwe rwabo azorigeramwo, eka mber’ uko ruzogenda rukurikirana gushitsa icumi;
kuko batābashanganije ivyo kurya n’amazi, igihe mwava muri Egiputa; kandi kuko bāhēreye Balamu mwene Beyori w’i Petori ho muri Aramu‐Naharayimu ngw abavume.
Yamar’ Uhoraho Imana yanyu yanka kwumvira Balamu, arik’ uwo muvumo Uhoraho Imana yanyu awubahindurira umugisha, kuko yabakunda.
Bātaye inzira igororotse, barazimira, bakurikira inzira ya Balamu, mwene Beyori, umwe yakunze ingero zo kugabitanya,