Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 13:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Mbega ntimubona kw Imana yacu yaturekuriyekw ivyago, twe n’iki gisagara, kuko ba sogokuruza bacu bākoze bartyo? None namwe murushiriza gukwēgera Abisirayeli uburake, kuko mwama muhumanya isabato.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 13:18
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi dushinze gutanga uk’ umwaka utashe ikigiragatatu ca shekeli, bize bikoreshwe mu ngoro y’Imana yacu,


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Bigatuma Uhoraho atagishobora kuvyihanganira, kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyanyu, no kubg’ ibizira vy’ ubuyobe mwakoze; ivyo ni vyo vyatumye igihugu canyu gihinduka imisaka n’akajoreza n’ikivume, ata wukikibamwo, nk’uko bimeze n’ uyu musi.


Ko mwosheje imibavu, mugacumura k’Uhoraho, ntimwumvire Uhoraho, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe, no mu vyo yashinze no mu vyo yihanikirije, ivyo ni vyo vyatumye ibi vyago bibashikako, nk’uko bimeze n’uyu musi.


Mbega mwibagiye ivyaha vya ba sogokuruza banyu, n’ivyaha vy’abami b’i Buyuda, n’ivyaha vy’abamikazi babo, n’ivyaha vyanyu ubganyu, n’ivyaha vy’abagore banyu, ivyo bākoreye mu gihugu c’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu?


Bazogukoba n’imyambaro yawe, bakwake n’utugenegene twawe twiza.


Kandi ntiyaretse ubumaka bgiwe yagize uhereye ari muri Egiputa; kuko mu buto bgiwe bāryamanye na we, bagakorakora ku mabere yo mu bukumi bgiwe, kandi bakamugwizak’ ubusambanyi bgabo.


Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


mukavuga, muti Mbeg’ imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishōrera amahonda, cank’ isabato, ngo tubone gutundurura ingano ngo tugure, ngo dutūvye ingero yitwa efa, tugwize shekeli, duhendanishe iminzane y’ibinyoma;


None namwe musubiye mu gishingo ca ba so, mur’ uruvyaro rw’inkozi z’ibibi, kugira ngo mwongereze uburake bg’Uhoraho arakiye Abisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ