Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 13:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Hāri n’abantu bavuye i Tiro baba i Yerusalemu, bama bazana amafi n’ibindi vy’uburyo bgose babigurira Abayuda kw isabato i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 13:16
5 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mur’ iyo misi mbona bamwe bo mu Bayuda bagana vino kw isabato, n’abandi mbona bimburira mu bigega, abandi baremeka indogoba zabo vino n’inzabibu n’ insukoni n’ibintu vy’uburyo bgose, babizana i Yerusalemu ku musi w’isabato. Mbasanga aho badandariza, ndabahambarira kur’ uwo musi nyene baguriyekw ivyo kurya.


Ndaheza ntātira abakuru bo mu Bayuda, nti N’iki gituma mukora ibibi bisa birtyo mugahumanya isabato?


arik’ umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubgawe, cank’ umuhungu wawe, cank’ umukobga wawe, cank’ umugurano wawe, cank’ umuguranokazi wawe, cank’ inka zawe, cank’ uw’ inyambukīra aba i wawe:


Mu misi itandatu muze mukore ibikorwa vyanyu, maze ku musi ugira indwi muze muruhuke, kugira ngw inka zanyu n’indogoba zanyu mukoresha na zo zibone kuruhuka, n’abana b’abaguranokazi banyu n’ab’ akavantara bari muri mwebge babone guta akuya.


arik’ umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubgawe, cank’ umuhungu wawe, cank’ umukobga wawe, cank’ umugurano wawe, cank’ umuguranokazi wawe, cank’ inka yawe, cank’ indogoba yawe, cank’ ibitungano vyawe ivy’ ari vyo vyose, cank’ uw’ inyambukīra aba i wawe; kugira ng’ umugurano wawe n’umuguranokazi wawe babone kuruhūka nkawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ