Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 13:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ibi uz’ ubinzirikaneko, ntuz’ uhanagure ibikorwa vy’ urukundo nakoreye ingoro yawe, Mana yanje, n’ivyo nakoze vyo gufasha ibihakorerwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 13:14
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.


Kandi rero, kubg’ urukundo nkunze iyo ngoro y’Imana yanje, har’ itunga ryanje nari mfise ry’amazahabu n’amafeza, na vyo ndabihaye iyo ngoro y’Imana yanje, bigereke ku vyo niteguriye iyo ngoro yera vyose;


Bamuhamba ku murwa wa Dawidi hamwe n’abami, kuko yakoze neza mu Bisirayeli, no ku Mana, no mu vy’ingoro yayo.


Kand’ ibintu vyose ingoro y’ Imana yawe izokenera, ivyo uzoba ukwiye gutanga, uz’ uhore ubikūra mu nzu ibīkwamw’ ibintu vyanje.


Kandi turabamenyesha ivy’ abaherezi n’Abalewi, n’abaririmvyi n’abashibamyi, n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abakozi bo mur’ iyo ngoro y’ Imana bose uko bangana, ko bitemewe ko bākwa ikori cank’ ikibuguro cank’ ingorore.


Uhoraho Imana ya ba sogokuruza aragahezagirwa, yashize mu mutima w’umwami imigabo imeze irtyo, yo gushariza ingoro y’Uhoraho ir’ i Yerusalemu.


Ndaheza mbgira Abalewi ngo biyeze, babone kuza gushibama ku marembo, kugira ngo batume umusi w’isabato uziririzwa. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, n’ibi na vyo uz’ ubinzirikaneko, umpangaze nk’ukw imbabazi zawe nyinshi zingana.


kandi natunganije n’ivyo kuzana amashikanwa y’inkwi mu bihe vyashinzwe, bo n’ay’ imishuzo. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.


Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ivyo nagiriye aba bantu uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.


ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.


Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ