Nehemiya 13:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)13 Nshirah’ abazezwabintu vyo mu bubīko, ni bo b’aba: Shelemiya umuherezi, na Sadoki umunyabgenge w’ivyanditswe, na Pedaya wo mu Balewi; hakurikirako Hanani mwene Zakuri, Zakuri wa Mataniya, kukw abo bari bazwi kw ar’ abizigirwa; kand’ igikorwa cabo kwar’ ukugaburira bagenzi babo. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,
Ezira, uwo munyabgenge w’ivyanditswe, yar’ ahagaze ku mutara w’ibiti, bubakiye ico gikorwa nyene, yar’ ahagararanye na Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilukiya na Mayaseya; abo ni bo bār’ i buryo bgiwe; i bumoso bgiwe hāri Pedaya na Mishayeli na Malikiya na Hashumu na Hashibadana na Zekariya na Meshulamu.