Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 13:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kur’ uwo musi abantu basomerwa igitabo ca Mose, basanga nta Mwamoni cank’ Umunyamowabu yemererwa gushika mw ikoraniro ry’Imana gushitsa ibihe vyose,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 13:1
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami araheza aradūga, aja ku ngoro y’Uhoraho, bo n’abashingantahe b’i Buyuda bose n’ababa i Yerusalemu bose bari kumwe na we, hamwe n’abaherezi n’abavugishwa n’Imana n’ abantu bose, aboroshe n’abahambaye; abasomera amajambo yose yo mur’ ico gitabo c’isezerano bātoye mu ngoro y’Uhoraho.


Nuko mur’ ico gihe mbona Abayuda bābiriye abagore bo mu Banyashidodi no mu Bamoni no mu Banyamowabu,


Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.


Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?


Kandi na Tobiya w’Umwamoni yar’ ahagararanye na we, aravuga, ati Ni mubareke bubake! N’imbgebge yosimbira kur’ urwo ruzitiro rw’ amabuye rwoca rusenyuka!


Nuko Ezira umuherezi azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi.


Bahagarara aho bari, bamara igice ca kane c’umurango basoma igitabo c’ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yabo, ikindi gice ca kane nyene bakimara bātura ivyaha vyabo, basenga Uhoraho Imana yabo.


Ni murondere mu gitabo c’Uhoraho musome: nta na kimwe co mur’ ivyo kizobura, nta kigore kizobura ikigabo caco, kukw akanwa kiwe ari ko kabigeze, kand’ impwemu ziwe akaba ari zo zibikoranije.


Ku vya Mowabu. Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli: at’ I Nebo habonye ibara! Kuko hakomvomvowe: i Kiriyatayimu haratēterewe, haratsinzwe: i Misigabu haratēterewe, harasanganguwe.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


Atuma intumwa kuri Balamu mwene Beyori, i Petori hafi y’uruzi Efurate, mu gihugu c’i wabo, ngo zimuhamagare, zimubgire, ziti Ngo Haje abantu bavuye muri Egiputa, bajimagije igihugu cose, ngo None bahanganye na we.


Na we aramubaza, ati Vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’ usoma iki?


Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.


Kuk’ uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu masinagogi ukw isabato itashe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ