Ni murondere mu gitabo c’Uhoraho musome: nta na kimwe co mur’ ivyo kizobura, nta kigore kizobura ikigabo caco, kukw akanwa kiwe ari ko kabigeze, kand’ impwemu ziwe akaba ari zo zibikoranije.
Ku vya Mowabu. Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli: at’ I Nebo habonye ibara! Kuko hakomvomvowe: i Kiriyatayimu haratēterewe, haratsinzwe: i Misigabu haratēterewe, harasanganguwe.
Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.