Kand’ abakuru b’ Abalewi ni Hashabiya na Sherebiya na Yosuwa mwene Kadimiyeli na bagenzi babo, bari bashinzwe guhimbaza Imana no kuyishima, bakurikiye ibgirizwa rya Dawidi umuntu w’Imana, bahāna imbu.
Kand’ Abalewi ni Yosuwa na Binuwi na Kadimiyeli na Sherebiya na Yuda na Mataniya; Mataniya uwo, bo na bagenzi biwe, ni bo baterera abandi indirimbo z’ ishimwe;