Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 12:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kand’ Abalewi ni Yosuwa na Binuwi na Kadimiyeli na Sherebiya na Yuda na Mataniya; Mataniya uwo, bo na bagenzi biwe, ni bo baterera abandi indirimbo z’ ishimwe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 12:8
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abo ni bo baririmvyi, bār’ abakuru mu mazu ya ba sekuruza b’Abalewi, kandi bāba mur’ utwo twumba two ku rusengero, ata kindi gikorwa bakora, kukw igikorwa cabo bāgikora ku murango no mw ijoro.


Abalewi n’aba: abo mu ba Yosuwa na Kadimiyeli, ari bo bandurutse kuri Hodaviya, ni mirongwirindwi na bane.


Maze Yosuwa mwene Yehozadaki ahagararana na bagenzi biwe b’abaherezi na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na bagenzi biwe, bubaka igicaniro c’ Imana y’Abisirayeli co kwoserezakw ibimazi, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana.


Hari na Mataniya mwene Mika, Mika wa Zabudi, Zabudi wa Asafu, ni we yaterera abaririmba ishimwe mu gihe co gusenga; na Bakibukiya yar’ uwa kabiri muri bagenzi biwe, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa wa Galali, Galali wa Yedutuni.


Kand’ umukoresha w’Abalewi i Yerusalemu, ari we yajejwe ibikorwa vyo mu ngoro y’Imana, ni Uzi mwene Bani, Bani wa Hashabiya, Hashabiya wa Mataniya, Mataniya wa Mika wo mu bākomotse kuri Asafu, ari bo baririmvyi.


Kand’ abakuru b’ Abalewi ni Hashabiya na Sherebiya na Yosuwa mwene Kadimiyeli na bagenzi babo, bari bashinzwe guhimbaza Imana no kuyishima, bakurikiye ibgirizwa rya Dawidi umuntu w’Imana, bahāna imbu.


na Salu na Amoki na Hilukiya na Yedaya wundi. Abo ni bo bār’ abakuru b’abaherezi na bagenzi babo mu gihe ca Yosuwa.


kandi bagenzi babo Bakibukiya na Uno bākūranwa na bo, bahāna imbu.


Abalewi n’aba: abo mu ba Yosuwa na Kadimiyeli, ari bo bandurutse kuri Hodeva, ni mirongwirindwi na bane.


no mu ba Lebana, no mu ba Hagaba, no mu ba Salimayi,


Maze Yosuwa na Bani na Kadimiyeli na Shebaniya na Buni na Sherebiya na Bani wundi na Kenani bahagarara ahataramutse hubakiwe Abalewi, bashira ijwi hejuru batakambira Uhoraho Imana yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ