8 Kand’ Abalewi ni Yosuwa na Binuwi na Kadimiyeli na Sherebiya na Yuda na Mataniya; Mataniya uwo, bo na bagenzi biwe, ni bo baterera abandi indirimbo z’ ishimwe;
Abo ni bo baririmvyi, bār’ abakuru mu mazu ya ba sekuruza b’Abalewi, kandi bāba mur’ utwo twumba two ku rusengero, ata kindi gikorwa bakora, kukw igikorwa cabo bāgikora ku murango no mw ijoro.
Hari na Mataniya mwene Mika, Mika wa Zabudi, Zabudi wa Asafu, ni we yaterera abaririmba ishimwe mu gihe co gusenga; na Bakibukiya yar’ uwa kabiri muri bagenzi biwe, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa wa Galali, Galali wa Yedutuni.
Kand’ umukoresha w’Abalewi i Yerusalemu, ari we yajejwe ibikorwa vyo mu ngoro y’Imana, ni Uzi mwene Bani, Bani wa Hashabiya, Hashabiya wa Mataniya, Mataniya wa Mika wo mu bākomotse kuri Asafu, ari bo baririmvyi.
Kand’ abakuru b’ Abalewi ni Hashabiya na Sherebiya na Yosuwa mwene Kadimiyeli na bagenzi babo, bari bashinzwe guhimbaza Imana no kuyishima, bakurikiye ibgirizwa rya Dawidi umuntu w’Imana, bahāna imbu.
Maze Yosuwa na Bani na Kadimiyeli na Shebaniya na Buni na Sherebiya na Bani wundi na Kenani bahagarara ahataramutse hubakiwe Abalewi, bashira ijwi hejuru batakambira Uhoraho Imana yabo.