Kand’ Abalewi ni Yosuwa na Binuwi na Kadimiyeli na Sherebiya na Yuda na Mataniya; Mataniya uwo, bo na bagenzi biwe, ni bo baterera abandi indirimbo z’ ishimwe;
Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,