na Mayaseya na Shemaya na Eleyazari na Uzi na Yehohanani na Malakiya na Elamu na Ezeri. Maz’ abaririmvyi baririmba ijwi rirenga, Yezirahiya ni we yabarōngōra.
Yosuwa na Bani na Sherebiya, na Yamini na Akubu, na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya, na Kelita na Azariya na Yozabadi, na Hanani na Pelaya n’ Abalewi, abo ni bo basobanurira abantu ivy’ ivyagezwe, abantu bakaguma aho bari;