Maze Yakobo aca abarira abiwe n’ abari kumwe na we bose, ati Ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga biri muri mwebge, mwihumanure, mwambare izindi mpuzu:
arababarira, ati Ni muntege amatwi, yemwe Balewi; enda ni mwiyeze, mweze n’ingoro y’Uhoraho Imana ya ba sogokuruza banyu, mukūre ibihumanya Ahēra Cane.
Nuk’ ukw imisi y’amazimano yabo yahera, Yobu yabatumako ngw abeze, akavyuka kare mu gatondo, agatanga ibimazi vyoswa bihwanye n’igitigiri ca bose: kuko Yobu yavuga, ati Kumbure abahungu banje bācumuye, barogota ku Mana mu mitima yabo. Uko ni ko Yobu yahora agenza ubudasiba.