Mu Balewi, abakuru b’amazu ya ba sekuruza banditswe mu gihe ca Eliyashibu na Yoyada na Yohanani na Yaduwa; abaherezi na bo banditswe ku ngoma ya Dariyo Umuperesi.
Abo ni bo bāriho mu gihe ca Yoyakimu mwene Yosuwa, Yosuwa wa Yehozadaki, no mu gihe ca Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, ari we munyabgenge w’ivyanditswe.
Bukeye Eliyashibu, umuherezi mukuru, hamwe na bagenzi biwe b’abaherezi, bashirako bubaka irembo ry’intama; bararihezagira, bashiraho n’inzugi zaryo; bakomeza kwubaka barinda bashitsa ku munara wa Hameya, na wo barawuhezagira; bavudukaho bashitsa no ku munara wa Hananeli.