Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Aba ni bo baherezi n’Abalewi bādūganye na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa; ni Seraya na Yeremiya na Ezira,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 12:1
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yosuwa mwene Yehozadaki ahagararana na bagenzi biwe b’abaherezi na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na bagenzi biwe, bubaka igicaniro c’ Imana y’Abisirayeli co kwoserezakw ibimazi, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana.


Nuko mu mwaka ugira kabiri uhereye aho bashikiye ku kibanza c’ingoro y’Imana i Yerusalemu, mu kwezi kwa kabiri, ni ho Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki batanguriye gukora, bafatanije n’abandi bagenzi babo b’abaherezi n’ Abalewi, n’abavuye mu kinyago bose bakaza i Yerusalemu; bashirah’ Abalewi, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, kugira ngo bahagarikire igikorwa c’ingoro y’Uhoraho.


baca bēgēra Zerubabeli n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza, barababgira, bat’ Enda dufatanye namwe kwubaka, kuko dusenga Imana yanyu nk’uko namwe muyisenga; kandi twamye tuyishikanira ibimazi uhereye ku ngoma ya Esarihadoni, umwami w’i Ashuri yatudūganye akatuzana ino.


Bukeye Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki bakūra hasi, batangura gusubira kwubaka ingoro y’Imana ir’i Yerusalemu, bari kumwe n’ abo bavugishwa n’Imana babafasha.


Nuko bamwe mu Bisirayeli badūgana n’abaherezi bamwe n’ Abalewi n’abaririmvyi b’abashibamyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero; abo baja i Yerusalemu mu mwaka ugira indwi Aritazeruzi ari ku ngoma.


Mu Balewi, imitigiri imwe y’abāhora i Buyuda yagiye kuba i Bubenyamini.


Yosuwa yavyaye Yoyakimu, Yoyakimu avyara Eliyashibu, Eliyashibu avyara Yoyada,


bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa, na Nehemiya na Azariya, na Rayamiya na Nahamani, na Moridekayi na Bilishani, na Misipereti na Bigivayi, na Nehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


Maze Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli, na Yosuwa umuherezi mukuru mwene Yehozadaki, hamwe n’amasigarira yose yo mur’ iryo hanga, bumvira ijwi ry’ Uhoraho Imana yabo, n’amajambo ya Hagayi uwo yavugisha, nk’uk’ Uhoraho Imana yabo yamutumye; kand’ abantu baterwa n’ubgoba imbere y’Uhoraho.


Maz’ Uhoraho akangura umutima wa Zerubabeli yaganza i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, n’umutima wa Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki, n’imitima y’amasigarira yose y’iryo hanga; baraza batangura gukora ku ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo Imana yabo,


rit’ Enda barira Zerubabeli umwe atwara i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, na Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki, n’amasigarira y’iri hanga,


wākīre ifeza n’izahabu, ubigiremw’ ibitsibo, uvyambike umuherezi mukuru, Yosuwa mwene Yehozadaki, mu mutwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ