32 no muri Anatoti n’i Nobu n’i Ananiya,
Ababenyamini bāba i Geba n’i Mikimashi n’i Aya, n’i Beteli no mu bisagara bihakūkira,
n’i Hasori n’i Rama n’i Gitayimu,
Abagabo b’i Anatoti n’ijana na mirongwibiri n’umunani.
Shira ijwi hejuru utakambe, wa mukobga w’i Galimu! Banga ugutwi, Layisha! Ewe Anatoti uragowe!
Kur’ uyu musi wa none barataha i Nobu, babānguriye ukuboko umusozi w’umukobga w’i Siyoni, umurambi w’i Yerusalemu.
Amajambo ya Yeremiya mwene Hilukiya, wo mu baherezi bāba muri Anatoti mu ntāra ya Benyamini.
n’i Anatoti n’i Alunoni, bo n’amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara bine.
Maze Dawidi aja i Nobu kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki aza kumusanganira ahinda agashitsi; aramubaza, ati Vyagenze bite, k’uri wenyene ata waguherekeje?
Dawidi yishura Ahimeleki umuherezi, at’ Umwami yantumye ku rubanza, arambarira ngo ntihagire umuntu n’umwe amenya ivy’ urwo rubanza yantumyeko, cank’ ico yangeze. Kand’ imikangara yanje nayirangiye ko tuzohūrira ahanaka.
Maz’ i Nobu, igisagara c’abaherezi, akigeseza n’ inkota, abagabo n’abagore, abana n’abonka, bo n’inka n’indogoba n’intama, vyose abimarira ku nkota.