Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 11:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Ababenyamini bāba i Geba n’i Mikimashi n’i Aya, n’i Beteli no mu bisagara bihakūkira,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 11:31
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikora avayo, aja ku musozi wo ku ruhande rw’i burasirazuba rw’i Beteli, ahashinga amahema; i Beteli hasigara i burengerazuba bgiwe, i Hayi hakaba i burasirazuba bgiwe: na ho nyene ahubakira Uhoraho igicaniro, yambaza izina ryiwe.


Aho hantu aca ahita Beteli, arik’ ubga mbere ico gisagara citwa Luzi.


n’i Zanowa n’i Adulamu no mu bisagara bigenda bihakūkira, n’i Lakishi no mu matongo yaho, n’i Azeka no mu bisagara bihakūkira. Uko ni ko bāgerereye uhereye i Beri‐sheba ugashitsa no ku mwonga wa Hinomu.


n’i Beti‐gilugali no mu misozi y’i Geba n’i Azimaveti, kukw abaririmvyi bari biyubakiye imigerero impande zose z’i Yerusalemu.


bashitse muri Ayati, baciye i Migironi; i Mikimashi ni ho basize ibintu vyabo vy’intēkera:


Ruvuye aho rukagenda rugashika i Luzi, ari ho i Beteli, ku mpinga yaho ahahera i bumanuko; rugaheza rukamanuka, rukagenda rubangikanye n’umusozi uhera i bumanuko bg’i Beti‐horoni ho hepfo, rugashika i Ataroti‐adari.


na Kefaramoni na Ofuni na Geba: ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bibiri, bifise imihana ibikūkira;


Nuko Yosuwa arabarungika; baja aho baja kubunda, baguma hagati ya Beteli na Hayi, ahahera i burengerazuba bga Hayi; ariko Yosuwa we, iryo joro arāra mu ngabo.


Maze Samweli aramubaza, at’ Ivyo wakoze n’ ibiki? Sauli aramwishura, at’ Erega nabonye abantu biyonjoroye bāntaye, kandi nawe nyene utaje muri ya ndagano, Abafilisitiya na bo bariko barakorakorana i Mikimashi;


Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.


Maz’ abo mu nsago z’Abafilisitiya barunguruza, bategera hejuru ku kavōvo k’i Mikimashi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ