25 Kandi ku vy’imihana n’amatongo yayo, bamwe bo mu Bayuda bāba i Kiriyati‐Araba no mu bisagara bihakūkira, n’i Diboni no mu bisagara bihakūkira,
Sara araheza apfira i Kiriyati‐Araba (ari ho Heburoni), mu gihugu c’i Kanani: Aburahamu aza kuririra Sara, no kumuborogera.
n’i Yeshuwa n’i Molada n’i Beti‐peleti,
n’i Heshiboni n’ibisagara vyose vyo mu kiyaya bihakūkira, n’i Diboni n’i Bamoti‐bayali, n’i Beti‐bayali‐meyoni,
uhereye kuri Aroweri ho ku mucāmo hejuru y’umwonga wo kuri Arunoni, no ku gisagara kiri hagati mur’ uwo mwonga nyene, n’ikiyaya cose c’i Medeba, ugashitsa i Diboni;
Maze Yosuwa ahezagira Kalebu mwene Yefune, amuha Heburoni kw ishamvu.
Kand’ i Heburoni kera hitwa Igisagara ca Araba: Araba uwo yasumba abandi Banaki bose. Nukw igihugu gihabga impore.