Igikorwa cabo kwar’ ugufasha aba Aroni mu vyo gukora mu ngoro y’Uhoraho, no mu nyubakwa no mu vyumba, no kwoza ibintu vyose vy’ivyera, n’ ikindi gikorwa ic’ ari co cose co mu ngoro y’Imana;
Bakurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, mu kuhasana; na we akurikirwa na Meshulamu mwene Berekiya, Berekiya wa Meshezabeli; na we akurikirwa na Sadoki mwene Bayana.
Bene Yuda bābaye ibishitsi vy’amazu n’aba: Shela, ni we gishitsi c’inzu y’Abashela; na Peresi, ni we gishitsi c’inzu y’Abaperesi; na Zera, ni we gishitsi c’inzu y’Abazera.