Abābanje kugaruka bagasubira mu matongo yabo yo mu bisagara vyabo n’abanyagihugu bo mu Bisirayeli, bo n’abaherezi n’Abalewi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero.
Hakurikira Malikiya, umwe wo mu bacuzi b’izahabu, arasana ashitsa ku nzu y’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, no ku nzu y’abadandaza, aharābana n’ irembo ryitwa Hamifukadi, kugeza ahadūga haja ku mfuruka.