19 Abashibamyi, Akubu na Talimoni na bagenzi babo bāshibama ku marembo, bose na bose bar’ ijana na mirongwirindwi na babiri.
Nuko baragenda bahamagara abashibamyi b’irembo ry’igisagara, barababarira, bati Twagiye mu nsago z’ Abasiriya, dusanga hatarangwa umuntu n’umwe, ata n’agakakaza, atar’ amafarasi n’indogoba biziritse, kand’ amahema ar’ uko yakabaye.
Abalewi bo ku murwa wera bose na bose bar’ amajana abiri na mirongumunani na bane.
Abasigaye bo mu Bisirayeli no mu baherezi no mu Balewi bāba mu bindi bisagara vyose vy’i Buyuda, umuntu wese mw itongo ryiwe.
Mataniya na Bakibukiya na Obadiya na Meshulamu na Talimoni na Akubu bar’ abashibamyi barinda amazu y’ububīko yo ku marembo.
Abashibamyi n’aba: abo mu ba Shalumu, no mu ba Ateri, no mu ba Talimoni, no mu ba Akubu, no mu ba Hatita, no mu ba Shobayi, bose na bose n’ijana na mirongwitatu n’umunani.
Kuko kumara umusi umwe mu nyubakwa zawe kuruta kumara iyindi igihumbi ahandi. Nopfuma mpagarara ku gisapfu c’ingoro y’Imana yanje, Hako noba mu mahema y’ abanyakibi.