Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 11:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Hari na Mataniya mwene Mika, Mika wa Zabudi, Zabudi wa Asafu, ni we yaterera abaririmba ishimwe mu gihe co gusenga; na Bakibukiya yar’ uwa kabiri muri bagenzi biwe, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa wa Galali, Galali wa Yedutuni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 11:17
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Mefibosheti yar’ afise akana k’agahungu kitwa Mika. Nukw abo mu rugo rwa Ziba bose baba abantu ba Mefibosheti.


Kand’ ashiraho bamwe mu Balewi ngo bashitse igikorwa cabo imbere y’isandugu y’Uhoraho, bibutse abantu ivy’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli, bamukengurukire, bamutazire.


kandi hamwe na bo ashiraho Hemani na Yedutuni n’abandi bātowe, bavuzwe amazina, kugira ngo bashimire Uhoraho yukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.


bo na Bakubakari na Hereshi na Galali na Mataniya mwene Mika, Mika wa Zikuri, Zikuri wa Asafu;


na Shabetayi na Yozabadi, ni bo bākoresha ibikorwa vy’ingoro y’Imana vyo hanze, kandi bar’ abakuru bo mu Balewi.


Abalewi bo ku murwa wera bose na bose bar’ amajana abiri na mirongumunani na bane.


Kand’ abakuru b’ Abalewi ni Hashabiya na Sherebiya na Yosuwa mwene Kadimiyeli na bagenzi babo, bari bashinzwe guhimbaza Imana no kuyishima, bakurikiye ibgirizwa rya Dawidi umuntu w’Imana, bahāna imbu.


Mataniya na Bakibukiya na Obadiya na Meshulamu na Talimoni na Akubu bar’ abashibamyi barinda amazu y’ububīko yo ku marembo.


Maze nuriza abakuru b’Abayuda ngo baje hejuru ku ruzitiro, ndabagabanyamw’ imice ibiri minini ngo bagende barōngōye bahimbaza. Umuce umwe ugenda ku ruzitiro werekeye i buryo, kw irembo bacishamw’ umwavu.


Kuko kera mu gihe ca Dawidi na Asafu hārih’ abarōngōzi b’abaririmvyi, hakabaho n’indirimbo zo guhimbaza Imana no kuyishima.


Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ