Maze ku musi ugira kane bagera ku munzane ayo mafeza n’ amazahabu n’ibindi bintu, babigerera mu ngoro y’Imana yacu, babishikiriza Meremoti mwene Uriya umuherezi, ari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi, kandi bari bafatanije na Yozabadi mwene Yosuwa na Nowadiya mwene Binuwi, b’Abalewi.
Hari na Mataniya mwene Mika, Mika wa Zabudi, Zabudi wa Asafu, ni we yaterera abaririmba ishimwe mu gihe co gusenga; na Bakibukiya yar’ uwa kabiri muri bagenzi biwe, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa wa Galali, Galali wa Yedutuni.
Yosuwa na Bani na Sherebiya, na Yamini na Akubu, na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya, na Kelita na Azariya na Yozabadi, na Hanani na Pelaya n’ Abalewi, abo ni bo basobanurira abantu ivy’ ivyagezwe, abantu bakaguma aho bari;