bo n’abandi bagenzi babo b’abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza, igihumbi n’ amajana ndwi na mirongwitandatu; abahinga bazi gukora igikorwa co mu ngoro y’Imana.
hamwe na bagenzi biwe, ni bo bār’ abakuru b’amazu ya ba sekuruza, bose na bose bār’ amajana abiri na mirongwine na babiri; hari na Amashisayi mwene Asareli, Asareli wa Ahazayi, Ahazayi wa Meshilemoti, Meshilemoti wa Imeri,
Kand’ umukoresha w’Abalewi i Yerusalemu, ari we yajejwe ibikorwa vyo mu ngoro y’Imana, ni Uzi mwene Bani, Bani wa Hashabiya, Hashabiya wa Mataniya, Mataniya wa Mika wo mu bākomotse kuri Asafu, ari bo baririmvyi.
na Mayaseya na Shemaya na Eleyazari na Uzi na Yehohanani na Malakiya na Elamu na Ezeri. Maz’ abaririmvyi baririmba ijwi rirenga, Yezirahiya ni we yabarōngōra.