Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 11:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abakuru b’abantu ni bo bāba i Yerusalemu; maz’ abandi bantu bose bapfinda ubupfindo kugira ng’ umuntu umwe‐umwe mur’ icumi na we az’ agerēre i Yerusalemu ku murwa wera, abandi basigaye babe mu bindi bisagara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 11:1
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze bapfinda ubupfindo, ngo barābe ikirimba umuntu wese azoshibamako, bose abato n’abakuru nk’ ukw amazu ya ba sekuruza ari.


Abo ni bo bagiye baba abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza, uk’ urunganwe rwabo rwagenda rukurikirana, kandi bāba i Yerusalemu.


Nukw Abisirayeli bose bāraharūwe, uk’ urunganwe rwabo rwagiye rukurikirana, kandi banditswe mu gitabo c’abami b’Abisirayeli. Kand’ Abayuda bājanywe i Babuloni ar’ inyagano, bahōwe ukugabitanya kwabo.


Abābanje kugaruka bagasubira mu matongo yabo yo mu bisagara vyabo n’abanyagihugu bo mu Bisirayeli, bo n’abaherezi n’Abalewi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero.


Abāgiye kuba i Yerusalemu ni bamwe bo mu Bayuda n’abo mu Babenyamini n’abo mu Befurayimu n’abo mu Bamanase, ni bo aba:


Kandi twebge abaherezi n’Abalewi n’ abantu dupfinze ubupfindo ngo tumenye ukw amashikanwa y’ inkwi azohora azanwa mu ngoro y’Imana yacu, ukw amazu ya ba sogokuruza akurikirana ku mbu zacu; uk’ umwaka utashe izo nkwi n’izo gukoma icoto ku gicaniro c’Uhoraho Imana yacu, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe.


Abalewi bo ku murwa wera bose na bose bar’ amajana abiri na mirongumunani na bane.


Ico gihe nyene mbarira abantu, nt’ Umuntu wese n’aze arāre i Yerusalemu azananye n’umuntu wiwe, kugira ngo duterame mw ijoro, ku murango dukore.


Kukw ari ho batereka intebe z’imanza, Intebe z’ab’ inzu ya Dawidi.


Ni musabire Yerusalemu amahoro; Abagukunda batōtahare.


Utwo bapfindisha baduterera mu mpuzu zo mu gikiriza, Arik’ uko bigenda kwose bigerwa n’Uhoraho.


Kuko biyita abo ku murwa wera, bakishingikiriza ku Mana ya Isirayeli; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi zawe, ewe Siyoni; ambara imyambaro yawe ishajije, ewe Yerusalemu wa murwa wera; kuk’ uhereye none muri wewe hatazoshika ūtākebge cank’ igihumane.


bava mu mva amaze kuzuka, bashika mu gisagara cera, babonekera benshi.


Bun’ Umurwanizi amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k’urusengero,


Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi


Barabapfindira, ubupfindo bgerekana Matiya, nukw aharūranwa n’intumwa cumi n’imwe.


Nuko Yosuwa abapfindira ubupfindo imbere y’Uhoraho i Shilo; agabanganya Abisirayeli ico gihugu, nk’ukw imigabane yabo iri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ