Nehemiya 10:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)36 kandi tuzozana abahungu bacu b’imfura n’ uburiza bg’ivyo dutunze, ubg’ inka zacu n’ubg’ intama zacu, tubizane mu ngoro y’Imana yacu nk’uko vyanditswe mu vyagezwe, tubishikirize abaherezi bakora mu ngoro y’Imana yacu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,
yateguriye Tobiya nyene icumba kinini, aho bāhora babīka amashikanwa y’amafu n’imibavu, bakahabīka n’ibintu vy’imbombovu, kandi hābīkwa n’ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, ari vyo ivyagezwe vyashinze ko bihabga Abalewi n’abaririmvyi n’abashibamyi, hamwe n’amashikanwa azunguzwa yahabga abaherezi.