Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 10:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 kandi tuzozana abahungu bacu b’imfura n’ uburiza bg’ivyo dutunze, ubg’ inka zacu n’ubg’ intama zacu, tubizane mu ngoro y’Imana yacu nk’uko vyanditswe mu vyagezwe, tubishikirize abaherezi bakora mu ngoro y’Imana yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 10:36
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw ico cagezwe kimaze gutāngāzwa, Abisirayeli bazana vyinshi cane vy’ umushuzo w’ingano na vino n’ amavuta ya elayo n’ubūki n’ ivyeze vyose vyo mu mirima; kandi n’ikigiracumi ca vyose babizana ari vyinshi cane.


Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,


yateguriye Tobiya nyene icumba kinini, aho bāhora babīka amashikanwa y’amafu n’imibavu, bakahabīka n’ibintu vy’imbombovu, kandi hābīkwa n’ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, ari vyo ivyagezwe vyashinze ko bihabga Abalewi n’abaririmvyi n’abashibamyi, hamwe n’amashikanwa azunguzwa yahabga abaherezi.


ati Mundobanurire imfura zose n’ivy’ uburiza: ic’ ubuzibūra cose co mu Bisirayeli n’icanje, ari mu bantu, ari mu bitunzwe.


Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina.


Icitwa ubuzibūra cose n’icanje: ubuzibūra bg’icitwa ikigabo cose co mu vyo mutunze, ari mu nka canke mu ntama.


Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza.


Kukw abana bose b’imfura ar’ abanje: ku musi nicirakw abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa, ni ho nirobanuriye imfura zose zo mu Bisirayeli nkazēza, iz’ abantu bo n’uburiza bg’ibitunzwe: bizoba ivyanje; nd’ Uhoraho.


Arik’ uwigishwa ijambo ry’Imana ahe umwigisha mu vyiza vyose.


Kand’ az’ abe ari ho mujana ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ayo gushitsa amasezerano, n’ayo mutanga muvyigombeye, n’iz’ uburiza zo mu masho yanyu no mu mikuku yanyu;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ