Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 10:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Kandi twebge abaherezi n’Abalewi n’ abantu dupfinze ubupfindo ngo tumenye ukw amashikanwa y’ inkwi azohora azanwa mu ngoro y’Imana yacu, ukw amazu ya ba sogokuruza akurikirana ku mbu zacu; uk’ umwaka utashe izo nkwi n’izo gukoma icoto ku gicaniro c’Uhoraho Imana yacu, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 10:34
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko babagabanganisha ubupfindo, ata gusumbanya, kuko, ari mu ba Eleyazari, ari mu ba Itamari, hāgenda habamw’ abakuru bakorera Ahēra, n’abakuru bakorera Imana.


Ubupfindo bga mbere bgerekana Yehoyaribu, ubga kabiri Yedaya;


Maze Salomo atuma kuri Huramu umwami w’i Tiro, uti Nk’uko wagirira se Dawidi, ukamurungikira ibiti vy’amasederi vyo kwubaka ingoro yiwe, uti Na we abe ari k’umugirira.


hanyuma bakomeza gutanga ibimazi vyo kwoswa vy’intasība, n’ivyo mu mboneko z’amezi, n’ivy’ imisi mikuru yose yerejwe Uhoraho, n’ ivyo umuntu wese yagomba gushikanira Uhoraho ishikanwa bivuye ku mutima ukunze.


Abakuru b’abantu ni bo bāba i Yerusalemu; maz’ abandi bantu bose bapfinda ubupfindo kugira ng’ umuntu umwe‐umwe mur’ icumi na we az’ agerēre i Yerusalemu ku murwa wera, abandi basigaye babe mu bindi bisagara.


kandi natunganije n’ivyo kuzana amashikanwa y’inkwi mu bihe vyashinzwe, bo n’ay’ imishuzo. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.


Ubupfindo bumara ibihāri, Kandi butātūra abakomeye.


Kand’ i Lebanoni ntihoboneka inkwi zo gucana zirangije, kandi n’ibikōko vyaho ntivyorangiza kuba ikimazi co kwosa.


Kandi wābīre ifu igogōretse, uyicumbemw’ imitsima cumi n’ ibiri: mu bigiracumi bibiri vy’ ingero yitwa efa havemw’ umutsima umwe‐umwe.


Uyigire ibirundo bibiri kuri ya meza y’izahabu iramuye ar’ imbere yanje, mu kirundo kimwe habemw’ itandatu, mu kindi kuno.


at’ Ugere Abisirayeli, ubabarire, ut’ Ibimazi vyiwe, ari zo mfungurwa ashikanirwa zitōngōrwa n’umuriro, z’umubabge umumotera neza, uti Muze muhore muvyitondera, mubimushikanire mu bihe vyavyo vyashinzwe.


Barabapfindira, ubupfindo bgerekana Matiya, nukw aharūranwa n’intumwa cumi n’imwe.


Kur’ uyo musi abagira abashenyi n’abavomyi b’iryo shengero n’ ab’ igicaniro c’Uhoraho, ahantu Uhoraho azotoranya ko kihaba. Kandi ni ko bagikora na bugingo n’ubu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ