Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 10:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Bati Kand’ abakobga bacu ntituzobashingira abanyamahanga bo mur’ iki gihugu, n’abahungu bacu ntituzobasabira abageni mu bakobga babo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 10:30
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nta mwami mu bāmwitangiye imbere yar’ ahwanye na we, yahindukiriye Uhoraho n’umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose n’inkomezi ziwe zose, nk’ukw ivyagezwe vyose vya Mose biri; mbere no mu bāmuherukiye nta n’umwe yahwanye na we.


Maz’ umwami ahagararana n’inkingi, asezeranira imbere y’Uhoraho kw azomukurikira, no kuzokwitondera ivyagezwe vyiwe n’ amabgirizwa yiwe n’ivyo yashinze, no kuzovyitonderesha umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose, no kuzoshitsa amajambo y’iryo sezerano yanditswe mur’ ico gitabo. Maz’ abantu bose na bo baravyisezeranira.


Maz’ umwami ahagarara ahantu yamenyereye, asezeranira imbere y’Uhoraho kw azomukurikira, no kuzokwitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe n’ivyo yashinze, no kuzovyitonderesha umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose, no kuzoshitsa amajambo y’iryo sezerano yanditswe mur’ ico gitabo.


Abāshizekw ikimenyetso n’ aba: icēgēra c’umwami, ari we Nehemiya mwene Hakaliya, na Zedekiya,


Nuko mur’ ico gihe mbona Abayuda bābiriye abagore bo mu Banyashidodi no mu Bamoni no mu Banyamowabu,


Maze ndabahambarira ndabavuma, mbere bamwe ndanabakubita, mbashikura umushatsi, ndaheza mbarahiza Imana, nti Ntimuze mutirimuke ngo musubire gushingira abakobga banyu abahungu babo, canke ngo musabire abahungu banyu abakobga babo, kandi namwe ntimukabābīrire.


Uko ni ko nabahumanuye, nkabakūramw’ ikintu cose c’ikinyamahanga, ngashingira abaherezi n’Abalewi imbu zabo, umuntu wese ku gikorwa ciwe;


Na bo baravuga, bati Turabibasubiza, kandi nta co tuzobāka kw inyungu; tuzobigenza nk’uk’ uvuze. Ndaheza mpamagaza abaherezi, ndahiriza abo bantu imbere yabo ko bazobikora nk’uko basezeranye.


Nararahiye ndarengwa Yuko nzokwitondera imanza zawe zigororotse.


mugahava musaba abageni babo mukabaha abahungu banyu, abo bakobga babo bagahava bahurumbira ibigirwamana vyabo mu bumaka bgabo, bagakwegera abahungu banyu, na bo bagahinduka ibimaka vyavyo.


n’abana banyu, n’abagore banyu, n’abanyamahanga baba mu nsago zanyu, uhereye ku mushenyi wanyu ukageza ku muvomyi;


Ntimuze musabiranire na bo, ngw abakobga banyu mubahe abahungu babo, cank’ abahungu banyu mubasabire abakobga babo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ