Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 10:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 abo bose bafatanya na bagenzi babo b’ abakuru, bararahira barīsiba ko bazohora bagendera mu vyagezwe vy’Imana vyatanzwe na Mose umusavyi wayo, kandi ko bazokwitondera amabgirizwa yose y’Uhoraho Umwami wacu, bakayashitsa, bo n’ivyo yihanikirije n’ivyo yashinze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 10:29
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Yehu ntiyababara kugendera mu vyagezwe vy’Uhoraho Imana y’Abisirayeli n’umutima wiwe wose; ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu, ivyo yakoze akabikwegeramwo n’Abisirayeli.


Maz’ umwami ahagararana n’inkingi, asezeranira imbere y’Uhoraho kw azomukurikira, no kuzokwitondera ivyagezwe vyiwe n’ amabgirizwa yiwe n’ivyo yashinze, no kuzovyitonderesha umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose, no kuzoshitsa amajambo y’iryo sezerano yanditswe mur’ ico gitabo. Maz’ abantu bose na bo baravyisezeranira.


Abābanje kugaruka bagasubira mu matongo yabo yo mu bisagara vyabo n’abanyagihugu bo mu Bisirayeli, bo n’abaherezi n’Abalewi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero.


Maz’ umwami ahagarara ahantu yamenyereye, asezeranira imbere y’Uhoraho kw azomukurikira, no kuzokwitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe n’ivyo yashinze, no kuzovyitonderesha umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose, no kuzoshitsa amajambo y’iryo sezerano yanditswe mur’ ico gitabo.


None rero, Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, komeza ivyo wasezeraniye data umusavyi wawe Dawidi, nk’uko wamubariye kw atazobura uwo guhora ku ngoma y’i Bgisirayeli imbere yawe, abana biwe ni bagenda bitonda mu ngeso zabo, bakagendera mu vyagezwe vyawe nk’uko na we yagendera imbere yawe.


Maze ndabahambarira ndabavuma, mbere bamwe ndanabakubita, mbashikura umushatsi, ndaheza mbarahiza Imana, nti Ntimuze mutirimuke ngo musubire gushingira abakobga banyu abahungu babo, canke ngo musabire abahungu banyu abakobga babo, kandi namwe ntimukabābīrire.


Abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero n’aba: abo mu ba Siha, no mu ba Hasufa, no mu ba Tabayoti,


Nuko Ezira umuherezi azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi.


Ezira agisoma ahagaze yerekeye ico kibuga kir’ imbere y’irembo ry’amazi, agisomera abagabo n’abagore n’ abandi bashoboye kwumva, uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka, kand’ abantu bose bari bateze amatwi bumviriza ivy’ ico gitabo c’ivyagezwe.


Ab’ uruvyaro rwa Isirayeli bītandukanya n’abanyamahanga bose, barahagarara bātura ivyaha vyabo n’ibicumuro vya ba sekuruza.


Nuko kubg’ ivyo dusezerana isezerano ry’intahava, turaryandika; maz’ abakuru bacu n’Abalewi bacu bo n’abaherezi bacu barishirakw ikimenyetso kidomye mw ishashara.


Aho vyaba birtyo kwar’ ukugira ngo bitondere ivyagezwe vyiwe, Bagendere mu vyo yashinze. Haleluya!


Nararahiye ndarengwa Yuko nzokwitondera imanza zawe zigororotse.


Uhoraho, Mwami wacu, Ereg’ izina ryawe ni ryiza mw isi yose! Washize icubahiro cawe hejuru y’amajuru.


Uhoraho, Mwami wacu, Ereg’ izina ryawe ni ryiza mw isi yose!


Kuk’ Uhoraho azogirira akagongwe aba Yakobo, azosubira gutoranya Abisirayeli, abasubize mu gihugu cabo bgite: kand’ abanyamahanga bazokwifatanya na bo, bamatane n’inzu ya Yakobo.


Kand’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwanka kumutega amatwi, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe yabashize imbere,


Ariko mweho mwari mwigaruye, mukora igitunganye mu nyonga zanje, mutanga umwidegemvyo, umuntu wese arekura mugenzi we; kandi mwari musezeraniye isezerano imbere yanje mu ngoro yitirirwa izina ryanje;


Kandi nzobashiramwo Mpwemu wanje, ndabagendeshereze mu vyagezwe vyanje, namwe muzokwitondera amabgirizwa yanje, muyashitse.


Kandi muze mumbere abera, kuko jewe Uhoraho nd’ uwera, kandi nabatandukanije n’ayandi mahanga ngo mube abanje.


Ni mwibuke ivyagezwe vy’ umusavyi wanje Mose, amabgirizwa n’ivyashinzwe, ivyo namugereye i Horebu kuba ivyo kuganza Abisirayeli bose.


uwo muherezi aheze arahize uwo mugore indahiro yo kwivuma, amutongēre, at’ Uhoraho aguhindure ikivume n’indahiro mu bgoko bganyu, bitewe n’ukw akunyunyuye ikibero, akagaragamvya inda yawe.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.


Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebge nta n’umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica?


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


Arikw abagabo bamwe bīfatanya na we barizera; muri bo umwe ni Diyonisiyo wo mu Bareyopago, kandi n’umugore yitwa Damari, n’abandi hamwe na bo.


None rero ntuje kubumvira, kukw abantu babo basāga mirongwine bamuryamiye, barahiye bīsivye ko batazorya ntibanywe bataramwica; kandi none bariteguye, barorereye ic’ uribubemerere.


Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. Mwanke ibibi, mumatane n’ivyiza;


Mose yadushingiye ivyagezwe, Ni vyo shamvu y’ikoraniro ry’ aba Yakobo.


Mose ahamagara Abisirayeli bose, arababarira, ati Yemwe Bisirayeli, ni mwumve amabgirizwa n’ivyagezwe mvugira mu matwi yanyu uyu musi, kugira ngo muvyige, muvyitondere, mubishitse.


Nuko rero muze mwitondere ivyo Uhoraho Imana yanyu yababariye; ntimuze mutambamire i buryo cank’ i bumoso.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ