21 na Meshezabeli na Sadoki na Yaduwa,
na Magipiyashi na Meshulamu na Heziri,
na Pelatiya na Hanani na Anaya,
Petahiya mwene Meshezabeli wo mu bandurutse kuri Zera mwene Yuda ni we yar’ umushikirwa w’amajambo y’abantu bose aza ku mwami.
Bakurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, mu kuhasana; na we akurikirwa na Meshulamu mwene Berekiya, Berekiya wa Meshezabeli; na we akurikirwa na Sadoki mwene Bayana.