Maze ku musi ugira kane bagera ku munzane ayo mafeza n’ amazahabu n’ibindi bintu, babigerera mu ngoro y’Imana yacu, babishikiriza Meremoti mwene Uriya umuherezi, ari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi, kandi bari bafatanije na Yozabadi mwene Yosuwa na Nowadiya mwene Binuwi, b’Abalewi.
Kand’ Abalewi ni Yosuwa na Binuwi na Kadimiyeli na Sherebiya na Yuda na Mataniya; Mataniya uwo, bo na bagenzi biwe, ni bo baterera abandi indirimbo z’ ishimwe;
Yosuwa na Bani na Sherebiya, na Yamini na Akubu, na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya, na Kelita na Azariya na Yozabadi, na Hanani na Pelaya n’ Abalewi, abo ni bo basobanurira abantu ivy’ ivyagezwe, abantu bakaguma aho bari;