Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abāshizekw ikimenyetso n’ aba: icēgēra c’umwami, ari we Nehemiya mwene Hakaliya, na Zedekiya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 10:1
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami ahagararana n’inkingi, asezeranira imbere y’Uhoraho kw azomukurikira, no kuzokwitondera ivyagezwe vyiwe n’ amabgirizwa yiwe n’ivyo yashinze, no kuzovyitonderesha umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose, no kuzoshitsa amajambo y’iryo sezerano yanditswe mur’ ico gitabo. Maz’ abantu bose na bo baravyisezeranira.


Nuko rero none dusezerane isezerano n’Imana yacu yuko twirukana abo bagore bose n’ abana bāvyaye, dukurikiye inama yawe mugenzi, n’iy’ abubaha icagezwe c’Imana yacu; kandi bigenzwe nk’ukw ivyagezwe bigera.


Umucamateka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


Amajambo ya Nehemiya mwene Hakaliya. Mu kwezi kwa Kisilevu, mu mwaka ugira mirongwibiri, nari nsanzwe ndi ku murwa i Shushani.


Bati Kand’ abakobga bacu ntituzobashingira abanyamahanga bo mur’ iki gihugu, n’abahungu bacu ntituzobasabira abageni mu bakobga babo.


Umucamatēka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza batanze imfashanyo yo gufasha ico gikorwa, n’icēgēra c’umwami na we atanga amahera y’izahabu yitwa dariki igihumbi, n’ibikombe mirongwitanu, n’ imyambaro amajana atanu na mirongwitatu y’abaherezi, babishira mu bubīko.


Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, umunyabgenge w’ivyanditswe, n’Abalewi ari bo bigisha abantu, baraheza bababgira bose, bat’ Uyu musi n’ uwo Uhoraho Imana yanyu yejeje, nta co mubabara kandi reka kurira; kukw abantu bose bariko bararira, aho bumviye amajambo y’ ivyagezwe.


Nuko kubg’ ivyo dusezerana isezerano ry’intahava, turaryandika; maz’ abakuru bacu n’Abalewi bacu bo n’abaherezi bacu barishirakw ikimenyetso kidomye mw ishashara.


Nuko Mose yandika amajambo yose y’Uhoraho, maze bukeye akoroka kare, yubaka igicaniro musi y’uwo musozi, ashinga inkingi z’amabuye cumi na zibiri, nk’ukw imiryango y’Abisirayeli ari cumi n’ibiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ